Burundi Bwacu, Burundi buhire Shinga icumu mu mashinga Gaba intahe y'ubugabo ku bugingo Warapfunywe ntiwapfuye Warahabishijwe ntiwahababuka Uhagurukana, uhagurukana, uhagurukana, ubugabo urikukira Komerwamashyi n'amakungu Habwa impundu nabawe Isamirane mu mashinga, isamirane mu mashinga Burundi bwacu, ragi ry'abasokuru Ramutswa intahe n'ibihugu Ufatanije ishyaka n'ubu hizi Vuza impundu wiganzuye uwakuganza uwakuganza Burundi bwacu, nkoramutima kuri twe se Tugutuye amaboko, umitima n'ubuzima Imana yakuduhaye ikudutungire Horana umwami n'abagabo n'itekane Sagwa n'urweze, sagwa n'amahoro meza