Agahinda

PAZZOS BI

    Continues after the ad

    abantu turasa ariko ntidusangiye imitima
    hari abo urweze barangwa n'urukundo imbere y'abandi
    n'abandi aho ugeze bakuvuma ukamengo nturi umuntu
    bakagutera agahinda kumutima utari uvyiteze
    n'abandi bakugirira umwikomo ntibabikubwire
    bakakureka ariko umutima wo atamahoro ufise
    none mwese murinze iki muguharanira amahoro
    hari abagowe bamana amaganya je ndabibabwiye

    niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
    nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
    na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
    umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho

    ikintu gihahamura umutima ni akarenganyo
    umuntu aracinyizwa bakamurengera agateka
    ariko abuze ikimuremesha ashobora guta ukwizera
    akabona yuko imana yo isa niyamuhevye
    igitangaje nuko imana yatugeneye igihe
    ugira neza ukora nabi imbere yayo uzoshika wishura
    ariko hari abibaza ko ngaha kw'isi vyose ari ivyabo
    amaruhiro uwo musi uzoshika twe tukavyishura

    Continues after the ad

    niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
    nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
    na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
    umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho

    nakare imana yaduhaye ubwenge kugirango dukore
    ariko sivyiza ko twebwe duca tubukoresha nabi
    yaraduhaye amabwirizwa kugira ntituyarenge
    twayahawe n'uwuganza ijuru n'isi we yaturemye
    none iyi si yacu kuki yirirwa mugicumuro no mu ntambara
    abantu bagatikira kandi twese twari abavukanyi
    muntu wese waremwe aha kw'isi nukorere imana
    ntuzomaramare uwo musi wo gushikayo ukugezeho

    niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
    nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
    na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
    umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho

    niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka
    nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda
    na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza
    umuntu wese afise uko imana yamugeneye kubaho

    Song details

    Composition: Pazzos Bi

    Did you see an error?

    Enviar revisão